Uko wahagera

Amerika Izobandanya Ikorana n'Uburayi


Mike Pence n’umumnyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, Jen Stoltenberg
Mike Pence n’umumnyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, Jen Stoltenberg

Icegera ca perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pence, avuga ko Amerika izobandanya gutuma Uburusiya bwisigura ku nyifato yabwo. Yamara perezida wa Amerika, Donald Trump, yategetse ko haronderwa uburyo bushasha Amerika ishobora gukorana n’Uburusiya.

Nta birenga aho Pence, yatangaje ku buryo bushasha bashobora gukorana n’Uburusiya. Yamenyesheje gusa kw’ubwo buryo bushobora kuboneka.

Pence ari mu rugendo rwiwe rwa mbere mu karere k’i Bulaya kuva ashikiye amabanga yiwe y’icegara ca perezida wa Amerika.

Yagiye guhumuiza ibihugu bicuditse na Amerika ko bazoguma ari abagenzi b’ivyo bihugu. Ivyo ni mu gihe hari impungenge ko Reta nshasha ya Amerika ishaka kuraba inyungu zayo zonyene bwite.

Mike Pence yagiranye ibiganiro uno musi ku wa mbere n’umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire w’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, Federica Mogherini.

Yabonanye kandi n’umumnyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, Jen Stoltenberg, imbere yuko arangiza urugendo rwiwe mu karere k’i Bulaya

XS
SM
MD
LG