Uko wahagera

Isirayeri Hamas

Isirayeri Yigamba Ibitero Yakajije muri Gaza

Bimwe mu vyononywe n'ibitero vya Isirayeri muri Gaza
Bimwe mu vyononywe n'ibitero vya Isirayeri muri Gaza

Isirayeri yemeza ko yakajije ibitero muri Gaza. Igisirikare ca Isirayeri kivuga ko uno munsi ku wa gatandatu, cagavye ibitero birenga 50 mu gisagara citwa Khan Yunis kiri mu buseruko bwa Gaza. Ni ibitero Isirayeri ivuga ko yagavye ikoresheje inzira zo mu birere, mu mazi no kubutaka.

Isirayeri yemeza ko mu buraruko bwa Gaza naho nyene yahagavye ibitero. Igisirikare ca Isirayeri cigamvye ibitero casubiye kugaba muri Gaza inyuma y’indwi y’agahengwe k’intambara Isirayeri na Hamas vyari bimazemwo.

Abategetsi ba gisirikare muri Isirayeri babandanya kuvuga ko inyuma y’iminsi ibiri y’ako gahengwe, muri rusangi bagavye ibitero birenga 400 muri Gaza.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza busigura ko ibitero vya Isirayeri vyahitanye abantu 184. Isirayeri ntaco ivuga kuri ivyo bitigiri.

Hagati aho, umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Siriya yavuze ko mu bucagucagu bw’uno wa gatandatu, Isirayeri yagavye ibitero mu micungararo y’umurwa mukuru wa Siriya, Damas. I

bimenyeshamakuru vya reta muri Siriya vyatangaje ko igisirikare c’ico gihugu carashe missile nyinshi za Isireyeri, kandi ata na kimwe ivyo bitero vya Isirayeri vyononye muri Siriya. Aya makuru ntaco Isirayeri irayavugako.(AP. AFP, REUTERS)

Amerika Irashaka ko Isirayeri na Hamas Bongera Igihe cy’Agahenge

Leta zunze ubumwe z’Amerika n’abandi bahuza barashaka ko Isirayeri na Hamas bongera igihe cy’agahenge mu ntambara barwana.

Kuri uyu wa gatatu, Isirayeri na Hamas bamaze iminsi itandatu bahagaritse imirwano by’agateganyo. Nk’uko John Kirby, umuvugizi w’inteko y’abajyanama ba perezida w’Amerika yabitangarije abanyamakuru, abahuza, ari bo Leta zunze ubumwe z’Amerika, Katari, na Misiri, bari mu biganiro n’impande zombi, Isirayeri na Hamas, kugirango ako gahenge kagumeho indi minsi.

Bwa mbere, agahenge kamaze iminsi ine. Karangiye, impande zombi zongereyeho indi minsi ibiri. Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Amerika, Antony Blinken, ku ruhande rwe, yasobanuye ko bikenewe kongera agahenge kugirango imfashanyo ikomeze yinjire mu ntara ya Gaza, kandi Hamas ikomeze ifungura inzirakarengane yatwaye bugwate, na Isirayeri nayo ikomeze irekure infungwa z’Abanyapalesitina bari muri gereza zayo.

Minisitiri Blinken yabitangaje mu gihe yitegura gusubira muri Isirayeri no muri Palesitina uyu munsi ku nshuro ya gatatu mu gihe kitageze ku mezi abiri. Hagati aho, Inteko y’Umuryango w’Abibumbye ishinzwe umutekano kw’isi irateganya gutera kuri uyu wa gatatu ku kibazo cy’intambara ya Isirayeri na Hamas

OTAN Yizeye Kubandanya Ishigikira Ukraine mu Ntambara Irimwo n'Uburusiya

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire y'ibihugu bigize NATO
Abashikiranganji bajejwe imigenderanire y'ibihugu bigize NATO

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa kabiri ari mu gihugu c'Ububiligi, mu nama y'abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'ishirahamwe OTAN.

Bitegekanijwe ko agira uruhara kandi mu nama y'urwego ruhuza iryo shirahamwe n'igihugu ca Ukraine. Antony Blinken yashitse i Bruxelles ku musi wa mbere, aho bitegekanijwe ko ashimikira ku ntego y’ishirahamwe OTAN yo kubandanya gushigikira Ukraine mu gihe ico gihugu kiriko civuna ibitero vy’Uburusiya.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bruxelles, ku musi wa mbere, umunyamabanga mukuru w’ishsirahamwe, OTAN, Jens Stoltenberg yatangaje ko yiteze ko abo bashikiranganji basubira kwemeza ko iryo shirahamwe rizoshigikira Ukraine mu kiringo kirekire kiri imbere.

Yasavye kandi ko ikiringo c’agahengwe hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, congerezwa agira ati:" Ndakira neza amasezerano yashitsweko hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, yatumye abagizwe imbohe barekurwa n’izindi mfashanyo zigenewe abanyagihugu bo mu mtara ya Gaza zitangwa. Ndateye akamo gasaba iyongerezwa ry’ikiringo c’agahengwe kumvikanyweko. Vyotuma imfashanyo zikenewe cane zishikira abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza, n’abandi bagizwe imbohe barekurwa. Uburyo tubona ukugene abanyagihugu bo muri Gaza basinzikaye bikomeye cane vyerekana ko inyishu ya politike izorama ikenewe."

Muri iyi ndwi, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, azosubira kuja kandi muri Isirayeri, aho azoganira ku vyerekeye uburenganzira bw’ico gihugu bwo kwivuna umwansi, hisunzwe amategeko mpuzamakungu. Azoganira kandi ivyerekeye utwigoro tubandanya two kworohereza irekurwa ry’abagizwe imbohe basigaye, gukingira abasivile mu bitero Isirayeri ikorera mu ntara ya Gaza, hamwe no kwongereza no kwihutisha imfashanyo zigenewe abasivile baba mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)

ONU Isaba Isirayeri na Hamas Guhagarika Ingwano

United Nations Israel Palestinians
United Nations Israel Palestinians

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Antonio Guterres, yasavye ko haba amasezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Isirayelri n'abarwanyi b'umurwi Hamas aho kuba agahengwe ko mu gihe gitoyi. Abivuze mu gihe abanyagihugu mu ntara ya Gaza babandanya gusinzikara kurushiriza uku umusi utashe.

Antonio Guterres agira ati: Novuga ko hari icizere muri iki gihe c’umwiza kubera ingwano. Ndafise icizere gikomeye ko agahengwe kumvikanyweko kazotuma twongereza imfashanyo zigenewe abanyagihugu baba mu ntara ya Gaza basinzikaye bikomeye. Naho hari ako gahengwe, ntibizoshoboka ko turonsa abanyagihugu bose muri Gaza ibintu vyose bakeneye vyihutirwa."

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarongereje igikorwa co gutanga imfashanyo igenewe intara ya Gaza mu kiringo c’imisi ine y’agahengwe kumvikanyweko hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas.

XS
SM
MD
LG