Uko wahagera

Iperereza Kuri Trump

Mu kiganiro ngarukamwaka n’abanyamakuru, perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine yavuze ko yiteguye amasezerano mashya na Leta zunze ubumwe z’Amerika yerekeye intwaro azwi nka “START”.

Muri icyo kiganiro Perezida Poutine yavuze ko kwemeza ibirego kuri perezida w’Amerika Donald Trump byari bishingiye ku “Nzozi”.

Avugira i Moscow uyu munsi taliki 19 y’ukwezi kwa 12 mu nama y’umwaka n’abanyamakuru, Poutine yavuze ko yari yiteze ko Trump aguma ku butegetsi n’ubwo abadepite b’Abademokrate mu nteko ishinga amategeko y’Amerika, ejo tariki 18 y’ukwezi kwa 12 batoye bahamya ibirego Sena izamukurikiranaho.

Perezida Poutine yavuze ko ishyaka ryatsinzwe amatora rikomeje urugamba mu bundi buryo. Yongeyeho ko Uburusiya bwiteguye kwumvikana n’Amerika ku masezerano yerekeye intwaro “START” n’ubwo nta gisubuzo bwari bwabona ku byo bwasabye.

Poutine yagize ati, hatabaye ayo masezerano, nta kintu kw’isi kizahagarika umuvuduko mw’ikorwa ry’intwaro ati kandi “ndakeka ari ikintu kibi”.

Mu ntangiriro z’iki cyumweru, Perezidansi y'Uburusiya yavugaga ko abanyamakuru babarirwa mu 1,895 biyandikishirije kujya muri iyo nama itangazwa kuri televisiyo mu mpera z’umwaka. Ni wo umwanya Poutine afata buri gihe, kugira ngo ahumurize Abarusiya. Bivugwa ko ari n’uburyo bwo kwereka Amerika n’amahanga uko Uburusiya buhagaze.

Inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika yatoye yongera iremeza ko Perezida Donald Trump akurwa ku butegetsi. Yagirijwe n’inama nshingamateka yiganjemwo abademokrate kuri uyu wa gatatu ku birego bibiri: Ico gukoresha umwanya w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite n’ico kubangamira imikorere y’abashingamateka.

Ni inyuma y’impari zatanguye mu gitondo saa tatu i Washington (saa kumi i Bujumbura n’i Kigali). Vyari bitegekanijwe ko izi mpari zimara amasaha atandatu, imbere y’iryo tora ariko zamaze amasaha arenga cumi n’imwe.

Umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi mu kwugurura izo mpari, yabwiye abashingamateka ko kubona Trump yarasavye Ukraine gutohoza kuri Joe Biden, umudemokrate bashobora kuzohiganwa mu matora yo mu 2020, akongera akaburizamwo amatohoza y’abashingamateka, ata kindi cokorwa atari kubandanya umugambi wo kumukura ku butegetsi.

Kubwo abademokrate, ari bo biganje mu nama nshingamateka, vyari vyitezwe ko ata kundi bigenda, Trump aba umuperezida agira gatatu yemejwe gukurwa ku butegetsi n’abashingamateka mu myaka 243 igihugu kimaze.

Ariko ntibirahera, Trump agiye kuzoburanishwa muri Sena y’Amerika yiganjemwo abarepublikani. Kwagirizwa ivyaha no gukurwa ku butegetsi na Sena bisa n’ibititezwe, ku bwo ubwinshi bw’Abarepublikani.

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG