Mu Burundi, umwaka w’amashuli 2023-2024 uratangirana n’iki cyumweru gitaha neza neza kuri uyu wa mbere. Mu Rwanda, Urukiko rukuru rwapfundikiye urubanza rw’ubujurire Ubushinjacyaha buregamo Ishimwe Dieudonne, uzwi nka “Prince Kid,” ibyaha byo gusambanya abakobwa ku gahato.
Iki kiganiro Dusangire Ijambo kiragaruka ku ndaye ziri hagati mu mugambwe CNL. Agathon Rwasa aravuga ko igenwa ry'indongozi z'imfatakibanza muri uyo mugambwe ari uguswaganya. Avuga ko akagwi kishize hamwe karatora ibiro bikuru vy'umugambwe ata burenganzira bari babifitiye.
Mu 1996 igihe inkambi zari zituyemo abanyarwanda zasenywaga mu cahoze citwa Zaire, Mpagazehe Samuel yaburanye na bamwe bo mu muryango. Muri iki kiganiro arashakisha iyo miryango ye baburanye.
Mali, Nijeri na Burkina Faso, basinyanye amasezerano yo gutabarana. Muri RDC abatanga imfashanyo baravuga ko abagore 1500 bahunze intambara bafashwe ku ngufu mu nkambi zitandukanye ziri hafi ya Goma. Mu Burundi, umwaka w’amashuli utangira kuri uyu wa mbere, Imyiteguro yifashe ite?