gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Transparency International Rwanda igaragaza ko ruswa icigaragaza mu nzego zitandukanye zirimwo n'iz'ubutungane. I Kigali mu Rwanda ejo ku musi wa kabiri hatanguye ihayanisha ry’ubucuruzi mpuzamakungu ku ncuro ya 24. Mu Burundi, abanyagihugu bakoresha ibarabara Bujumbura-Rumonge, bariruhutsa kubera iryo barabara ryatanguye gusanurwa
Murisanga
Abavukanye ubumuga bw’uruhu barahohoterwa mu buryo butandukanye. Iryo hohoterwa riteye gute? Hakorwa iki ngo rikumirwe cyangwa ricike burundu? Twatumiye umuvugizi w’abagendana ubumuga bw’uruhu mu Rwanda. Umuryango w’abafite ubwo bumuga avugira mu gihugu, utabariza by’umwihariko abakobwa, kuko bakorerwa ihohoterwa bashakwamo umuti. Ese ubundi biba byagenze gute kugirango umuntu avukane ubu bumuga? Twatumiye muganga w’inzobere mu buzima bw’umubyeyi n’umwana no kuboneza urubyaro.
Amakuru ku Mugoroba
Ingingo zigize amakuru yo kumugoroba: Sentare nkuru yo muri Afurika y'epfo yategetse ko Jacob Zuma yahoze ari prezida w'ico gihugu asubira mu munyororo. Abadepite b'#Amerika Bagiye Kwitwarira Mark Meadows Yahoze ari Umuyobozi w'Imilimo mu Biro bya Perezida Donald Trump. Mu Rwanda habonetse abanduye Omicron