Umushikirizamanza w'Urubanza rwa Jacob Zuma Ntazohindurwa

Jacob Zumba yahoze ari prezida wa Afurika y'Epfo

Umucamanza muri Afrika y'epfo yahakanye ivyasabwe na Jacob Zuma yahoze ari prezida w'ico gihugu vy'ugukuraho umushikirizamanza ari mu rubanza rwiwe rwerekeye ruswa yagirizwa ku masezerano yerekeye ibirwanisho.

Zuma yavuze ko uwo mushingwamanza yari afise uruhande ahengamiyeko, akaba yasavye sentare nkuru yo mu gisagara ca Pietermaritzburg kumuhindura.

Zuma afise imyaka 79 muri iki gihe, yarahakanye ivyaha vya ruswa yagirizwa muri dosiye yo mu myaka yo mu 1990 yari yerekeye amasezerano ajanye n’ibirwanisho.

Umucamanza, Piet Koen, yarahakanye ivyasabwe na Zuma. Yatangaje ko ku nyungu z’impande zose, haba uwagirizwa, reta iserukira abanyagihugu, ikibazo cerekeye Zuma cotorerwa inyishu mu buryo bwihuta bushoboka mu nzira yisunze amategeko. Amenyesha ko dosiye yiwe imaze igihe kirekire itararangira.

Zuma yarapfunzwe mu kiringo gitoyi mu ntango z’uyu mwaka kubera yakengeye sentare mu kwanka kurenguka ku bijanye n’itohoza ritandukanye ryerekeye ruswa. Yamara yararekuwe bifatiye ku mpamvu z’amagara yiwe. Zuma yari muri sentare nkuru yo mu gisagara ca Pietermaritzburg kugira yumvirize nimba ivyo yari yasavye vyubahirizwa.