Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Sentare Nkuru Yanse Urubanza rwa Jacob Zuma


Jacob Zuma wahoze ari Perezida wa Afurika y'Epfo
Jacob Zuma wahoze ari Perezida wa Afurika y'Epfo

Muri Afrika y’Epfo, Sentare nkuru uyu musi yanse urubanza uwahoze ari Prezida Jacob Zuma yashingishije asaba ko umunyororo w’amezi 15 yaciriwe ufutwa.

Prezida Zuma yari yaciriwe ico gifungo inyuma y’aho yagiriwe n’ivyaha vyo gukengera ubutungane.

Ingingo yo kumupfunga yafashwe mu kwezi kwa gatandatu inyuma y’aho yankiye kwitaba ubutungane kugira ngo yishure ku vyaha yagirizwa vya ruswa igihe c’imyaka icenda yamaze ku butegetsi.

Zuma ariko aratora mitende inyuma y’aho abagiwe, mu kwezi kw’indwi yari yasavye ko urwo rubanza rwo gupfungwa amezi 15 rufutwa avuga ko rukabije kandi ko kumupfunga bishobora kugeramira amagara yiwe.

Umucamanza w’iyo sentare Sisi Khampepe yasomye urubanza avuga ko sentare ihakanye ivyasabwe na Zuma.

Intwaro ya Zuma afise imyaka 79 muri iki gihe, kuva mu mwaka w’2009 gushika mu mwaka w’2018, yararanzwe n’ibirego vya ruswa. Wewe arabihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG