Sudani: Imyiyerekano Yiyamiriza Amasezerano y'Abasivile na Gisirikare

Abanyasudani ibihumbi n'ibihumbi bagize imyiyerekano uno musi ku wa kane mu mabarabara y'umurwa mukuru Khartoum, no mu bindi bisagara. Ni iyo kwiyamiriza amasezerano umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok yagiranye n'igisirikare.

Ni mu ntumbero yo kubandanya kuremera abategetsi b’igisirikare inyuma y’uko bashitse ku masezerano yo kugarukana umushikiranganji wa mbere yakuwe ku butegetsi muri kudeta yabaye haheze ukwezi.

Abari mu myiyerekano basemerera amajambo avuga ko ubutegetsi ari ubw’ abanyagihugu, ko igisirikare gitegerezwa gusubira mu makambi yaco. Basaba ko haba ubutungane ku bantu bishwe mu myiyerekano yabaye imbere y’aho.

Imigambwe ikomeye mu gihugu n’umuhari ukomeye w’abiyamiriza intwaro y’igisirikare vyaragwanije ingingo y’umushikiranganji wa mbere Abdalla Hamdodk yo gutera igikumu ku masezerano n’igisirikare ku musi w’Imana. Bamwe mu barwanya ayo masezerano bavuga Hamdok yahemutse, abandi bakavuga ko ari uburyo bw’igisirikare bw’ukuguma ku butegetsi. Batangaza ko abasirikare batogira uruhara muri politike.

Hisunzwe amasezerano yapfunditswe ku musi w’Imana urangiye, Hamdok azoyobora reta mu kiringo c’imfatakibanza bitegekanijwe ko gishika mu mwaka w’i 2023, kandi ko azosangira ubutegetsi n’igisirikare.

Umushikiranganji wa mbere Hamdok yamenyesheje ko abategetsi ba Sudani biyemeje kwubahiriza demokrasi n’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro mu gihugu. (Reuters)