Uko wahagera

Sudani: Abapfa Bazira Imyiyerekano Babandanya Kwiyongera


Bamwe mu bakora imyiyerekano muri Sudani
Bamwe mu bakora imyiyerekano muri Sudani

Igitigiri c'abantu bamaze gupfa inyuma y'imyiyerekano y'ukwiyamiriza kudeta muri Sudani ciyongeye. Inteko zijejwe umutekano zarashe abantu batari musi ya 15 bari mu myiyerekano, abandi batari bake barakomereka ku musi wa gatatu. Vyabaye mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika zasavye ko umushikiranganji wa mbere yakuwe ku butegetsi muri Sudani, Abdalla Hamadok asubizwa mu mabanga yiwe. Muri iki gihe apfungiwe i muhira iwe inyuma yuko igisirikare gifashe ubutegetsi mu kwezi guheze.

Abapfuye, bose ku murwa mukuru, Khartotum, cane cane mu bice vyo mu buraruko vyawo, bamaze kugera kuri 39 mu ruhagarara rwadutse kuva igisirikare gifashe ubutegetsi. Abandi amajana n’amajana barakomeretse.

Abateguye iyo myiyerekano bavuga ko kubera ubwo bwicanyi badashobora kuganira, gukorana n’ukwumvikana n’abasirikare bafashe ubutegetsi. Abari mu myiyerekano barihereje amabarabara yo ku murwa mukuru, Khartoum kuva igisirikare gifashe ubutegetsi kw’italiki 25 z’ukwezi kw’icumi. Basemerera bavuga ko abanyagihugu bahisemwo intwaro y’igisivile kandi biyamiriza umusirikare mukuru ayoboye igihugu, Abdel Fattah al-Burhan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG