Uko wahagera

Sudani: Abasivile 15 Bishwe Bari mu Myiyerekano Yiyamiriza Kudeta


Abari mu myiyerekano bariko bahangana n'igiporisi ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, kw'itariki 13/11/2021
Abari mu myiyerekano bariko bahangana n'igiporisi ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, kw'itariki 13/11/2021

Abajejwe umutekano muri Sudani barashe bica abandi bantu 15 bari mu myiyerekano yiyamiriza kudeta, abandi barenga 10 barakomereka kuri uyu wa gatatu. Ibi vyavuzwe n’abajejwe gutabara ahabereye ubwicanyi.

Abo bantu bose biciwe ku murwa mukuru Khartoum, mu gice c’uburaruko. Baciye bashikana igitigiri ca 39 c’abamaze kwicwirwa muri iyo myiyerekano kuva igisirikare gifata ubutegetsi, nkuko bivugwa na sendika y’abaganga muri ico gihugu. Abandi amajana barakometse.

Igiporisi cahakanye ko cakoresheje amasasu yica ariko televiziyo y’igihugu yatangaje ko itohoza kuri abo banyagihugu bishwe rigiye gutangura.

Mu twigoro two kuburizamwo iyo myiyerekano, abantu amajana barahagaritswe, barimwo abo muri sosiyete sivile, abirenganira n’amaguru hamwe n’abamenyeshamakuru. Ishirahamwe ry’abaganga muri Sudani ryavuze ko abajejwe umutekano bageze aho baja guhagarika abakomeretse mu bitaro vy’i Khartoum.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken yabwiye igisirikare ca Sudani ko ata mfashanyo zizosubira guhabwa ico gihugu kiretse ubutegetsi bugarutse mu minwe y’abasivile.

Reta zunze ubumwe za Amerika yarahagaritse imiriyoni 700 z’amadolari yari agenewe gufasha Sudani kuva haba kudeta

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG