Uko wahagera

Sudani: Hamdok Yaheruka Kuvanwa Ku Butegetsi Yabugarutseko


Abdel Fattah al-Burhan na Abdalla Hamdok basinya amasezerano agarukana ku butegetsi Abasivile
Abdel Fattah al-Burhan na Abdalla Hamdok basinya amasezerano agarukana ku butegetsi Abasivile

Abdallah Hamdok yaheruka kuvanwa ku butegetsi muri Sudani yabusubijwe. Agarutse mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere biciye mu masezerano yashizweko umukono na we, hamwe na Jenerali Abdel Fattah al-Burhane, atwara abasirikare bakoze kudeta igenekerezo rya 25 ukwezi kwa cumi uno mwaka.

Hamdok na Jenerali Abdel amasezerano yo gusangira ubutegetsi no kugarukana demokarasi bayasinyiye mu ngoro y’umukuru w’igihugu iri Khartoum. Mw’ijambo rito Hamdok yashikirije amaze gutera igikumu ku masezerano y’uno wa Mungu, yemeye ko ico agiye kwihutira ari uguhagarika gusesa amaraso y’abanyagihugu. Jenerali Burhane we yashimiye Hamdok ku co yise “Ukwihangana kwamuranze.” Kuva ubutegetsi bwiwe butembagazwa mu kwa cumi, Hamdok yari afungishijwe ic’amaso.

Zimwe mu ngingo ziri mu masezerano y’uno wa Mungu, harimwo kurekura abashikiranganji n’abasivile bose batawe muri yompi kudeta ikiba. Itariki bazorekurirwako ariko ntiyatangajwe.

Mu gihe bayasinya, igiporisi camijaguye ivyuka bikoroza amosozi mu banyagihugu bakoreye imyiyerekano mu bice bitandukanye vy’igihugu, barimwo n’abayikoreye imbere y’ingoro y’umukuru w’igihugu yasinyiwemwo amasezerano yo gusubiza abasivile ku butegetsi. Abiyerekana baguma bibutsa ko badakeneye intwaro ya gisirikare kandi batipfuza ko abasirikare bashirwa muri Reta mfatakibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG