Uko wahagera

Ubutegetsi bwa Sudani Bugiye Gusubira mu Minwe y'Abasivile


Abdalla Hamdok yavanywe ku butegetsi mu kwezi kwa cumi

Muri Sudani, abasirikare batembagaje ubutegetsi, imigambwe itandukanye n’abategetsi b’abasivile bashitse ku masezerano agiye gutuma uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Abdalla Hamdok, asubirana ubutegetsi.

Ayo masezerano aratomora ko abahoze muri Reta ya Hamdok n’abanyepolitike bose bafunzwe kuva ubutegetsi bwiwe butembagazwa mu mpera z’ukwa cumi barekurwa.

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ni zimwe mu mpande zagize uruhara runini kugira aya masezerano atangure gushirwa mu ngiro uno musi ku wa Mungu aboneke.

Amasezerano yo gusubiza ubutegetsi mu minwe y’abasivile muri Sudani abonetse inyuma y’indwi zitari nke abanyagihugu bari bamaze bakora imyiyerekano isaba ko abatswe ubutegetsi babusubizwa. Abaganga bemeza ko n’imuburiburi abagera kuri 15 baguye muri iyo myiyerekano bahitanywe n’amasasu y’abacungera umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG