Sentare ya Afurika y'Epfo Yategetse ko Zuma Asubira mu Munyororo

Jacob Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo

Sentare nkuru yo muri Afrika y'epfo yategetse ko Jacob Zuma yahoze ari prezida w'ico gihugu asubira mu munyororo. Ni inyuma y’uko yihojeje ingingo yari yafashwe imbere y’aho yo kumurekura bifatiye ku mvo z'amagara yiwe.

Abamwunganira bariko barunguruza ku ngingo ya nyuma ya sentare nk’uko ishirahamwe ryiwe ribitangaza. Rimenyesha ko ingingo ya sentare idatumbereye na gato kandi ko sentare iri hejuru yayo izoshika ku ngingo itandukanye.

Zuma, afise imyaka 79 muri iki gihe, yari yarekuwe mu kwezi kw’icenda kubera amagara yiwe atifashe, yaciriwe umunyororo w’amezi 15 kubera yakengereye sentare. Hari inyuma y’uko yihojeje ingingo yo kwitaba komisiyo ijejwe amatohoza kuri ruswa.

Muri ukwo kwezi nyene, sentare nkuru yo muri Afrika y’epfo yariyamirije akigoro kiwe ko gukuraho igihano yaciriwe. Yarishikirije kw’italiki 7 y’ukwezi kw’indwi aho yatanguye umunyororo w’amezi 15, mu vyatumye haba uruhagarara rutari bwibonekeze muri Afrika y’epfo mu kiringo c’imyaka itari mike igihe abamushigikiye bihereza amabarabara.

Bitegekanijwe ko urubanza rwiwe rwarindirijwe mu kiringo c’imyaka itari mike ku vyaha birimwo ruswa rubandanya mu mwaka uza. Arahakana ivyaha vyose yagirizwa, akaba avuga ko ariko akwirikiranwa ku mpamvu za politike zigenewe gukumira abamushigikiye mu mugambwe uri ku butegetsi, ANC. ( Reuters)