Reta y'Uburundi Irabeshuza Raporo ya ONU

Ifoto y'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Gaston Sindimwo inyuma yo gutora muri kamarampaka ya 2018

Ifoto y'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Gaston Sindimwo inyuma yo gutora muri kamarampaka ya 2018

Reta y'Uburundi irahakana ivyatangajwe mu cegeranyo cakozwe n'umurwi w’abahinga ba ONU bigenga utohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.

Muri ico cegeranyo casohotse mu nama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu igira 39 yatanguye kuri uno wa mbere, uwo murwi wagirije ubutegetsi ivyaha vyinshi harimwo ubwicanyi ndengerabutungane n’inyuruzwa ry’abantu.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'Uburundi Gaston Sindimwo arahakana ivyo birego vyose. Sindimwo anemeza ko Reta iriko iriga ukuntu imigenderanire n’ibindi bihugu harimwo u Rwanda yonagurwa.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge-Willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

Reta y'Uburundi Yibaza Iki ku Vyagiriji vya ONU?