Uko wahagera

ONU Ihangayikishijwe n'Ibihumbi 180 Begeranirijwe Hamwe mu Burundi


Akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano katangaje ko naho muri rusangi umutekano wifashe neza, gahangayikishijwe n’icuka kibi ca politike, idindira ry'ibiganiro n'inguvu nke Reta y’Uburundi ishira muri ivyo biganiro.

Mu itangazo abagize ako kanama basohoye kuri uno wa gatatu, basavye abo vyega bose kwitabira ibiganiro ata mananiza, Reta nayo ikerekana ishaka kugira haboneke amasezerano imbere y’amatora yo mu 2020.

Ako kanama gashima ingingo ya perezida Pierre Nkurunziza yo kutazokwitoza mu 2020, kabona nk'intambwe ikomeye mu vyerekeye gutosora icuka kibi ca politike.

Abagize ako kanama basozereye bavuga ko barajwe ishinga n'ikibazo c'abagera ku bihumbi 180 begeranirijwe hagati mu gihugu inyuma yo guteshwa izabo. Abaharurwa mu miriyoni 3 n'ibihumbi 600 bakeneye infashanyo, n'impunzi ziharurwa mu bihumbi 400 zahungiye mu bihugu bitandukanye

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG