Nijeriya Iracarondera Abanyeshure 125 Bazimiye Inyuma y'Igitero

Rimwe mw'ishure abazimiye bigako

Irengero ry'abanyeshule bagera kw'i 125 muri Nijeriya ntiriramenyekana gushika uno musi ku wa gatatu, inyuma y'igitero c'abantu bitwaje ibirwanisho cakozwe kw'ishule ifise uburaro muri Reta ya Kaduna.

Yamara abandi banyeshule 28 baramaze gusubirana n’imiryango yabo. Abantu bitwaje ibirwanisho bakoze igitero kw’ishule ryisumbuye rya, “Bethel Baptist” mw’ijoro ryo ku musi wa mbere ryashiriye ku musi wa kabiri. Yabaye incuro igira iy’icumi y’inyuruzwa ry’abanyeshule kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya.

Abavyeyi b’abo banyeshule banyurujwe babwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko abanyeshule 180 ari bo biga kw’ishule ryisumbuye rya, “Bethel Baptist”. Igihe igitero caba, abo banyeshule bariko bitegurira ibibazo.

Abategetsi ba Nijeriya, bavuga ko abanyuruje abo banyeshule ari inkozi z’ikibi zirondera kurihwa amafranga y’ingwati. Igikorwa c’ukurondera n’ugutabara abanyeshule irengero ryabo ritaramenyekana kirabandanya.

Amashirahamwe ajejwe gutabara aragabisha ko ukwiyongereza kw’ibitero vy’ukunyuruza abanyeshule biriko bihungabanya ivyerekeye kwiga ku bana ibihumbi n’ibihumbi muri Nijeriya.