Abategetsi bo muri reta ya Kaduna, mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya bugaye amashure 13, inyuma y’aho abanyeshure barenga 140 banyururijwe ku musi wa mbere kw’ishure ryisumbuye ry’ababatiste. Iri yugarwa ry’amashure rikurikiye ibitero vy’abitwaje ibirwanisho ku mashure, ivyo abategetsi bavuga ko bibangamiye inyigisho mu mashure.
Abategetsi barongoye amashure muri iyo reta ya Kaduna bavuga ko ayo mashure yugawe 13 aboneka ko ageramiwe n’umutekano. Iki gitero co kunyuruza abana giherutse kibaye ica kane gikozwe mu mezi atanu gusa. Abategetsi b’i Kaduna bavuze ko abantu 26 barimwo umwarimukazi batabawe kandi abajejwe umutekano bakirondera abandi.
Ku musi w’Imana, abantu bitwaje inkoho barateye kandi ikigo c’igihugu kirwanya ingwara y’igituntu n’ubukangwe, banyuruza abantu umunani, barimwo umwana.
Ikigega ca ONU cita ku bana, UNICEF, kivuga ko abana imiriyoni 2 n’ibihumbi 800 bo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya bakeneye ubufasha bwihuta bw’inyigisho, bitewe n’ubwicanyi bubera muri iyo ntara. (VOA)
Facebook Forum