Impunzi z'Abarundi Zirenga 100 Zatahutse Zivuye mu Rwanda.

Impunzi z'Abarundi zitegura gutaha ziva mu Rwanda

Impunzi z'Abarundi zirenga 100 zatahutse kuri uyu wa kabiri zivuye mu Rwanda.

Uwutwara ishirahamwe ryitaho impunzi HCR ku rwego rw’isi, Filippo Grandi yaziherekeje, yashikirije ko ari mu ntumbero yo kwerekekana ko HCR ishigikiye ico gikorwa. Asaba reta y’Uburundi gukingira umutekano w’abahungutse bose.

Ku ruhande rw’Uburundi bakiriwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ku mupaka wa Gasenyi-Nemba ugabura ivyo bihugu bibiri.

Umviriza ngaha inkuru Ijwi ry'Amerika ibashikiriza.

Your browser doesn’t support HTML5

Impunzi z'Abarundi Zirenga 100 Zatahutse Zivuye mu Rwanda.