Uko wahagera

Igice ca Kabiri c'Impunzi z'Abarundi Bahungiye mu Rwanda Batahutse


Bamwe mu Bahungutse
Bamwe mu Bahungutse

Igice ca kabiri c’impunzi zirenga gato 500 z’Abarundi bahungiye mu Rwanda bahungutse inyuma y’imyaka igera kuri itanu bahunze igihugu cabo. Abatahutse kuri uno wa kane bagizwe ahanini n'abagore n'abana bari mu miryango 172.

Nk’uko vyagenze ku gice ca mbere catahutse mu kwezi guheze, bose babanje gupimwa COVID-19 mw’ikambi ya Mahama bavuyemwo, hanyuma bahava berekeza ku mupaka wa Gasenyi-Nemba ugabura u Rwanda n’Uburundi.

Abavuganye n'Ijwi ry'Amerika bavuze ko baryohewe no gusubira mu gihugu c’amavukiro, bagasaba ko bofatwa neza kugira n’abari inyuma bazotahuke. Abahungutse baherekejwe n’abaserukira ubushikiranganji bujejwe ibiza mu Rwanda ari nabwo bwitaho impunzi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi. Nta vyinshi ubwo bushikirangaji bwashimye gushikiriza. Gusa, uwujejwe kumenyesha amakuru yabwiye VOA ko n’uwundi wese yifuza gutaha, yobisaba maze agaherekezwa.

Ubwo bushikiranganji bwijeje n’abandi bataratahuka canke abasaba ubuhingiro ko na bo nyene bazoguma bakingiwe mu gateka kabo. Reta y’Uburundi yaserukiwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’umutekano kwakira izo mpunzi. Pierre Nkurikiye yavuze ko Uburundi bwifuza kwakira impunzi zivuye mu Rwanda incuro zibiri ku ndwi. Yamara, abaserukira HCR co kimwe n’u Rwanda bemeje ko gutahukana impunzi kabiri ku ndwi ari igikorwa kitoroshe kuko gisaba imyiteguro myinshi.

Ikambi ya Mahama abahungutse bavuyemwo iracasigayemwo izindi mpunzi zirenga ibihumbi 60. Abo batarashima guhunguka, nabo basaba ko boguma bitaweho.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru Akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda.

Abahungutse Bagizwe Ahanini n'Abana n'Abagore
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:30 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG