Uko wahagera

Igice ca 2 c'Abarundi Bahungiye mu Rwanda Bazotahuka ku wa Kane


Bamwe mu baheruka guhunguka
Bamwe mu baheruka guhunguka

Ku munsi wa kane w’indwi iza, itariki ya 10 z’uki kwezi kwa 9 ni ho igice kigira kabiri c’impunzi z’Abarundi zizotahuka zivuye mw’ikambi ya Mahama iri mu Rwanda. Ishami rya ONU ryitaho abahunze, HCR, rivuga ko ku bagera ku 3000 bamaze kwiyandikisha, 500 ari bo bitegekanijwe ko bahunguka.

Mu gihe bamwe mu bariko bariyandikisha bidoga ko igikorwa co kubandika kiriko kigenda buke buke, HCR yisigura ivuga ko igikorwa co kwandika kibwirizwa kujamwo ubwitonzi bwinshi mu ntumero yo kwirinda ko biteza umutekano muke mu nkambi kuko ari igikorwa kitoroshe.

Mu kiganiro cihariye n'Ijwi ry'Amerika, umuvugizi wa HCR, Elise Villechalane, yagize ati :" Ukwiyandikisha gushika ubu nta kibazo na kimwe biratera. Abidoga ko kwandika biteba, twebwe si ko tubibona kuko bisaba kubapima ingwara zitandukanye harimwo n’umugera wa Corona, kuraba ko bose bashobora gufata ingendo ndende, gutanga impapuro zerekana ko abana bahora biga n’ibindi. Ivyo vyose bifata umwanya munini, ubwitonzi, abakozi n’uburyo bwinshi. Ni igikorwa tutari twiteguriye ariko nta ngorane zirimwo”.

Naho hari abariko barahunguka, hari n’abandi batarashima guhunguka basaba ko boguma bafashwe mu mugongo: Aba, bemeza ko abashaka gutahuka bafise ingendo yo kugenda bahungabanije umutekano w’abatarashaka gutaha. Ubuyobozi bw’ikambi ya Mahama buhumuriza bugabisha ko uwuzohohotera mugenzi we amuhora ko atarashaka gutaha azobihanirwa bikwiye.

Igice ca mbere c’abarundi bahungutse bavuye mu Rwanda cari kigizwe n’abarenga gato 500. Baciye ku mupaka wa Gasenyi-Nemba mu ndwi zibiri ziheze bashikira mw’ikambi mfatakibanza ya Songore iri mu ntara ya Ngozi mu Burundi. Ku ruhande rw’Uburundi, bari baje kwakirwa n’abategetsi batandukanye. Aba bari banasavye abasigaye inyuma ko na bo botahuka kubaka igihugu c’abo c’amavukiro. HCR rivuga ko ubu ikambi ya Mahama irimwo impunzi zirenga gato ibihumbi 59.500, hakiyongerako abarenga ibihumbi 10 baba mu bisagara.

Abasigaye mw'Ikambi Bagiriza Abahunguka Gusiga Bahungabanije Umutekano
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:40 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG