EAC Irahahamiye Iyinjira rya Kongo muri uwo Muryango

Bamwe mu bari mu biganiro vy'iyinjira rya Kongo muri EAC

Umukuru w'umuryango wa Afrika y'ubuseruko EAC yemeza ko mu mpera za kuno kwezi, Republika iharanira demokarasi ya Kongo izoba yemerewe kwinjira muri uwo muryango.

Kongo nayo ivuga ko izozanira amahirwe menshi uwo muryango kubera ifise ubutunzi kama bwinshi ikongera ikagira abanyagihugu benshi bazocika abaguzi. Ariko kandi ico gihugu cizeye ko ibihugu bigize EAC bizogifasha mu gutuza imirwi yitwaje ibirwanisho n'iyikora iterabwoba mu buseruko bwaco.

Kuva kuri uyu wa mbere mu kiringo c'indwi, i Nairobi hariko habera inama yo kuraba uko Kongo yoja muri EAC. Ni intambwe ya 8 kuri 10 zisabwa.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika i Nairobi muri Kenya.

Your browser doesn’t support HTML5

Kongo Isaba EAC Kuyifasha Kurwanya Abarwanira ku Butaka Bwayo