Uko wahagera

EAC Igiye Gushyiraho Icyangombwa Cyerekana Abakingiwe Covid 19


Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko ugiye gushiraho Pasiporo yerekana ko umuntu yakingiwe ikiza c’Umugera wa Korona kugira ashohore gutembera mu bihugu bigize uwo muryango wa EAC. Abikorera utwabo n’abadandaza bakunda kujabuka imbibe bari mu berabwa n’iyi ngingo nk’uko vyatangarijwe i Bujumbura n’icegera c’umunyamabanga mukuru wa EAC.

Uburundi busigura ko iyo ngingo izoba ije kubangamira agateka ka zina muntu mu bwigenge bwiwe. Ni mu gihe iki gihugu cemeje ko kidashobora guhamagarira abantu kwiteza urucanco rw’ikiza ca Covid-19.

Ku bw’umuryango w’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC, ni ngombwa ko habaho “Murekarengane” imeze nk’urupapuro rw’inzira PassPort rwerekana ko umuntu ashaka kuva mu gihugu kimwe aja mu kindi muri uwo muryango yamaze kwiteza urucanco rw’ikiza ca Korona, kugira akingire abandi.

Mu birori vyo kwugurura icese ihayanishwa ry’ibiva mu mahinguriro “Salon Industriel” i Bujumbura, icegera c’Umuyamabanga Mukuru wa EAC, Christophe Bazivamo, ahamagarira abarwizatunga ndetse n’abantu bose bo mu bihugu vya EAC kwihutira kwicandagisha kugira bazoshobore kuronka urwo rupapuro.

Yavuze ko ibiharuro vy’abandura bidasiba kwiyongera, kandi ugucandaga abantu bitariko biragenda neza. Yavuze ko mu bihugu bitunze i Bulaya bageze ku bice birnega 70% bacandaga ariko muri Afurika y'Ubuseruko ikiri munsi y’ibice 2%. Yemeza ko ikizokurikira ar'uko mu karere kose abantu babwirizwa kwikingiza kugira barengane imbibe

Yagize ati: "Twarahejeje gutegura Murekarengane izohabwa abamaze kwicandagisha muri EAC kugira abe ari bo barengana imbibe mu minsi iza. Kandi umugwi wateguye iyi Murenkarenga warakoranye n’abaserukira ibihugu vyose harimwo n’Uburundi"

N’aho biri uko, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Alain Guillaume Bunyoni, yuguruye icese iryo hayanishwa, abona ko iyo Murekarengane ya Covid-19 izohava ibangamira uburenganzira bw’Abanyafrika y’Ubuseruko mu kwishira no kwizana.

Yagize ati: "Duhamariye inzego mu karere ka Afrika kuzofata ingingo zibereye zitabangamira abanyagihugu bacu kuja ku mirimo no kwikingira ibiza c’umugera wa Korona. Ntihagire uburenganzira n’ubwigenge na bumwe buhonyangwa. Aha nsiguye neza, ni ku vyerekeye gutegeka urucanco n’izo ngingo zo kwishira no kwizana umuntu abanje kwicandagisha. Ubutumwa duhaye ibiro vya EAC ni uko muri Murekarengane ya Afrika y’uberuko batobangamira uburenganzira n’ubwigenge bw’ibihugu biwugize n’abanyagihugu"

Uburundi ni co gihugu co nyene kitaratangura gukingira abanyagihugu umugera wa Covid-19.

N’aho Ibanki y’Isi yemeye guha Uburundi incanco za Korona, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, ari na we atwara umugwi w’igihugu wo kurwanya ico kiza, yarakuriye inkoni ku gishitsi abanyagihugu ko Reta itazokwigera ibahimiriza kuja kwikingiza.

Ico bikoze umuryango wa EAC, usigura ko Murekarengane iriko irakorwa izotuma abayifise baja no mu bihugu vya Bulaya na Amerika ata nkomanzi. Icegera c'Umunyamabanga w'Umuryango w'Afurika y'Ubuseruko Christophe Bazivamo agira ati:

"Erega no kw’isi ni ko bimeze, ubu ntawuzosubira gutembera kw’isi atamaze kwikingiza. Natwe rero ntitwosigara inyuma. Murekarengane yacu ikozwe ku buryo ikorana n’iz’aza Amerika n’ubwongereza kandi n’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya waratwemereye ko abanyafrika y’ubuseruko bafise Murekarengane bazojayo. Yareretswe inama y’abashikiranganji b’amagara y’abantu iheruka, ubu na ho turiko turayinonosora kugira abanyafrika y’ubuseruko na twe twemererwe gutembera kw’isi".

Ibihugu 6 zigize uwo muryango wa EAC arivyo Uburundi, u Rwanda, Kenya, Ubuganda, Tanzaniya na Sudani y’epfo bimaze kubura abantu barenga hafi ibihumbi 9 bahitanywe na Covid-19, abarenga ibihumbi 547 n’abo barafashwe n’ico kiza nk’uko vyerekanwa na OMS, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG