Uko wahagera

Kongo Yemerewe Kwinjira mu Muryango w'Afurika y'Ubuseruko


Prezida wa Kongo, Felix Tshisekedi, na mugenzi we wa Uganda Yoweri Museveni
Prezida wa Kongo, Felix Tshisekedi, na mugenzi we wa Uganda Yoweri Museveni

Igihugu ca Republika ya Demokarasi ya Kongo cemerewe kwinjira mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko. Iyi ngingo yafashwe n’Inama idasanzwe igira 18 y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango, yakoranye ku buhinga bw’ingurukanabumenyi kuri uyu wa gatatu.

Igihugu ca Kongo gisanze muri EAC haheruka kongerwamwo indimi zibiri Igifaransa n’Igiswahili, zisanzwe zikoreshwa na benshi muri ico gihugu. Prosper Bazompanza yaserukiye Uburundi mu nama yo kwemerera Kongo muri EAC, yumvikanishije ko hakwiriye ko uwo muryango ufatana mu nda mu kurwanya abagizi ba nabi, na nyarirya Kongo irimwo imigwi itari mike y’abarwanyi.

Inkuru y'umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:48 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG