Uko wahagera

Abashingamateka ba EAC Batanguye Kugendera Abanyagihugu


Ibiro vy'ishirahamwe ry'Afurika y'ubuseruko Arusha muri Tanzaniya
Ibiro vy'ishirahamwe ry'Afurika y'ubuseruko Arusha muri Tanzaniya

Abashingamateka b'umuryango wa EAC batanguye igikorwa co kugendera abanyagihugu, mu bihugu baturukamwo. Ni igikorwa kiriko kirarangurirwa mu bihugu vyose bigize uwo muryango.

Isekeza ry’iminsi indwi ryatangujwe n’abashingamateka b’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko ni iryo gusigurira abanyagihugu baturuka mu bihugu 6 bigize uwo muryango ico umaze kurangura no kubabaza ko hari akarusho kaboneka barahakura nk’uko bishikirizwa n’uwuserukira abashingamateka b’Uburundi Jean Marie Muhirwa.

Ubwo butumwa ni na bwo buzotangwa na bagenzi we mu Rwanda, muri Tanzaniya, muri Kenya mu Buganda, no muri Sudani y’epfo, ibihugu bigize uwo muryango.

Bitegekanijwe ko bazohura n’imigwi itandukanye y’abaserukira inzego za Reta, abikorera utwabo, amashirahamwe yigenga n’abandi bahinga bafise intererano mu buzima bw’igihugu.

Bamwe mu bari muri ayo mashirahamwe yigenga barashima ko ubu ibisata vyerekeye uruja n’uruza, urudandazwa rujabuka imbibe canke abifuza gukora no kwiga muri ivyo bihugu baharonkeye akarusho, n’aho inzitizi zitabuze.

Ico bikoze, abo basanga hakiri agahaze mu vyerekeye umwumvikano hagati y’ibihugu bigize uwo muryango.

Babona ko hari ibihugu bikwega amaguru mu gushira mu ngiro ingingo z’uwo muryango, bigatuma no mw’iterambere bisigara inyuma.

Maitre Janvier Bigirimana, ubu aserukira urunani rwishinze guharanira impinduka muri Afrika, “Tournons La Page” atanga akarorero ku bihugu nka Tanzaniya n’Uburundi n’ubu bitarahamvya ibindi mu mu mugambi wo gukoresha Ikarata Karangamuntu (ID) mu kujabuka imbibe nk’uko ibindi bihugu nk’u Rwanda, Ubuganda na Kenya babishitseko.

Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko wiyemeje ko mu kwezi kwa 7 uyu mwaka, uzotangura kugerageza umugambi wo gukoresha ifaranga rimwe.

Uwo muryango umaze imyaka 22 ushinzwe, Uburundi n’u Rwanda vyawinjiyemwo mu mwaka w’2007.

Igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo carasavye kwinjira. Inama iheruka y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango bemeje ko ata gihindutse ico gihugu kizohabwa ikaze ku mwaka uza w’2022.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG