CPJ: U Rwanda mu Bihugu Bipfunze Abemenyeshamakuru Benshi muri EAC

Ikarata ya CPJ ku bwisanzure bw'itangazamakuru uno mwaka

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ubwigenge bwo gutangaza amakuru, CPJ, ryemeza ko abamenyeshamakuru bagera kuri 293 kw’isi yose ari bo bapfunzwe. Mu karere ka Afrika yo mu buseruko n'ihembe rya Afrika ibihugu vya Eritreya, Ethiyopiya n'u Rwanda biza kw'isonga mu biharurwamwo abamenyeshamakuru benshi bari mu mvuto.

Mumo aserukira CPJ mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’ihembe rya Afrika ashima intambwe yatewe mu bihugu abanyamakuru bari bafunzwe umwaka uheze ariko ata numwe agifunzwe uyu mwaka. Urugero atanga ni Uburundi aho abanyamakuru ba Iwacu barekuwe mu mpera z’umwaka uheze.

No muri Sudani y’ubumanuko muri raporo y’umwaka uheze hari abafunzwe mugabo uyu mwaka nta numwe co kimwe na Uganda. Izi mpinduka yamara ku bwa CPJ ntizisigura ko igisata c'ukumenyesha amakuru cifashe neza muri ivyo bihugu. Mumo mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika yagize ati: " Muri ivyo bihugu abanyamakuru baracahura n’ibibazo bikomeye»

Umviriza ibindi muri iyo nkuru y'umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Nairobi muri Kenya, Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Icegeranyo ca CPJ ku Bwisanzure bwo Kumenyesha Amakuru