Covid 19: Uburundi Bwafashe Ingingo yo Kugara Ahahurirwa na Benshi

abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega, ku murwa mukuru wa politike w’Uburundi, bafashe ingingo yo kuba barugara ibibanza vyose bihurirwamwo n’abantu benshi, mu ntumbero yo kwirinda ikiza c’umugera wa Corona. Ivyo bibanza ni nk’ibibuga vy’umupira w’amaguru, ibikorane, ububare n’ibindi. Ni mu gihe mu ndwi zibiri gusa hafashwe abantu barenga 1100 muri iyo ntara.

Abajejwe intwaro ku murwa mukuru wa politike w’Uburundi, i Gitega, bemeje ko ikiza c’umugera wa Korona cabaye ndanse.

Musitanteri wa Komine Gitega, Jacques Nduwimana yasiguriye Ijwi rya Amerika igituma hasigaye haboneka ibitigiri vy’abanduye ico kiza barenga 600 ku ndwi muri iyo ntara.

Bamwe mu banyagihugu baganiriye n’Ijwi rya Amerika i Gitega, bamenyesha ko nabo nyene babona ko ingingo zo kwikingira zitagikurikizwa. Bavuga ko bagiye kwikubita agashi.

Kugira ico kiza gituzwe i Gitega, musitanteri ari kumwe na Buramatari w’intara ya Gitega, bafashe ingingo zo kwugara ibibanza vyose bihurirwamwo n’abantu benshi.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko habonetse abarwayi uwo mugera barenga 1.100 mu ntara ya Gitega. Mu gihugu cose ico kiza ca Covid-19 kimaze gufata abarenga 13.000.

N’aho ivyo bitigiri biteye amakenga abanyagihugu baganiriye n’Ijwi rya Amerika, nta rucanco ruratangura gutangwa mu Burundi. Mu kwezi guheze, Ibanki y’isi yose yaremeye gutanga imfashanyo.

Yamara, umugwi w’igihugu ujejwe kurwanya Covid 19 watangaje ko reta itazokwigera ikangurira abanyagihugu kwikingiza. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, atwara uwo mugwi yabivugiye kuri micro y’Ijwi rya Amerika.

N’aho biri uko umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC ugiye gushiraho Murekarengane izohabwa abamaze kwicandagisha kugira abe ari bo bajabuka imbibe z’ibihugu 6 bigize uwo muryango, n’Uburundi burimwo.

Icegera c’umunyamabanga mukuru wa EAC, Chistophe Bazivamo ni we yabitangarije i Bujumbura ku ndwi iheze.

Iyo Murekarengane iriyamirizwa n’Uburundi. Umushikiranganji wa Mbere w’ico gihugu Alain Guillaume Bunyoni, yavuze ko izoba ije guhonyanga ubwigenge bw’Abanyafrika y’Ubuseruko.

Gusa, EAC isigura ko ari uburyo bwo gukingira abanyagihugu baturuka mu bihugu bitemera incanco za Covid-19.