Ubushinwa na USA Ntibahuza ko Bihano Vyafatiwe Koreya ya Ruguru

Ambasaderi wa Amerika muri ONU Linda Thomas-Greenfield na ambasaderi w'Ubushinwa muri ONU

Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubushinwa vyateranye amajambo mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa gatatu ku kibazo c’ingene impari kuri Koreya ya ruguru zogabanuka. Amerika isaba ko ico gihugu congerezwa ibihano mu gihe Ubushinwa busaba ko ivyafashwe bihanagurwa.

Iyi nama idasanzwe yakoranye mu gihe hari ubwoba ko Koreya ya ruguru izosubira kugerageza ibirwanisho vya Nikereyeli mu ndwi ziri imbere.

Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, yavuze ko ONU ikwiye nyabuna kwihuta kwongereza ibihano atari kubigabanya. Thomas-Greenfield yanse kwemera integuro y’itegeko yateguwe n’Ubushinwa hamwe n’Uburusiya yasaba gutezurira Koreya ya ruguru ibihano yafatiwe mu 2017.

Ubushinwa n’Uburusiya bisaba ko hoshirwa imbere ingendo y’ibiganiro mu gishingo c’ibihano kuko bishobora gutuma Koreya ya ruguru igira ishavu igaca yongereza inguvu mu gukora ibirwanisho vya Nikereyeli.

Iyi nama yo kuri uyu wa gatatu yahuje ibihugu rutura bitanu vyivugira mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano yabaye haciye umusi umwe perezida mushasha wa Koreya y’Epfo Yoon Suk-yeol arahiriye amabanga yo kurongora igihugu. Yavuze ko agiye kutorohereza Koreya ya ruguru.