Uko wahagera

Misile ya Koreya ya Ruguru Yaturikiye mu Kirere


Kuri uno musi wa mbere Korea yo mu buraruko yagerageje ikimisile kigwa kure mu kirekire, ariko yananiwe kuko caturikiye mu kirere. Ico gisasu ca missile casambukiye mu kirere gishwiragiza ibimanyu vyaco hafi y’umurwa mukuru Pyongyang. Ikinyamakuru co muri Koreya y’Epfo Yonhap catangaje ko ico kigwanisho casambutse ubwo nyene gihejeje kurungikwa mu kirere. Ikinyamakuru NK News co muri Koreya y’Epfo naco nyene cemeje ayo makuru kivuga ko hariho isanamu yerekana ko habaye igisa nka rokete yagenda irafumba umwotsi mu kirere.

Ntibiramenyekana neza ubwoko bw’ikigwanisho Koreya yo mu Buraruko yariko iragerageza. Ikinyamakuru co mu Buyapani cari catangaje ko Koreya ya ruguru yari yarungitse misile mu kirere ariko ntibatanze ayandi makuru y’imvaho.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika kiranegura ivyo bikorwa kikavuga ko Koreya ya ruguru ikwiye kureka kubandanya igira ivyo bikorwa vyo guhungabanya umutekano. Ntibavuze ibindi bijanye n’ico kigwanisho casambukiye mu kirere. Koreya ya ruguru ntaco yavuze ku vyo Amerika yashikirije.

Si ubwa mbere misile itakoze neza iguye mu turere turimwo abanyagihugu. Ababikurikiranira hafi bavuga ko mu mwaka w’2018 misile yo mu bwoko bwa Hwasong-12 yaturitse ihejeje kurungikwa mu kirere igwa mu gisagara ca Tokchon, inyuma y’aho babisuzumiye mu masanamu ya satelite.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG