Bombe y'Umwiyahuzi Yishe Abashinwa 3 muri Pakistani

Umuporisi ahagaze ahabereye igitero c'iterabwoba, kw'irembo rya kaminuza y'i Karachi, Pakistani, kw'itariki ya 26/04/2022

Igiporisi ca Pakistani cavuze kuri uyu wa kabiri ko abashinwa batatu hamwe n’umushoferi wabo w’umunyepakistani bishwe na bombe yari yatezwe mu modokari barimwo mu gisagara ca Karachi, mu bumanuko bw’igihugu.

Ghulam Nabi Memon, umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Karachi, yavuze ko iki gisasu gishobora kuba catezwe n’umwiyahuzi ariko kandi ngo amatohoza yatanguye.

Ubushikiranganji bwa Pakistani bw’imigenderanire bwaneguye ico gitero bwise igikorwa c’iterabwoba. Bwavuze ko ababikoze bari batumbereye guhungabanya ubucuti kivandimwe buri hagati ya Pakistani n’Ubushinwa.

Igiporisi gikeka ko ababikoze ari abadashigikiye ibikorwa vy’ubutunzi n’iterambere Ubushinwa buriko burakora muri Pakistani nko kubaka amabarabara, ingomero z’imiyagankuba hamwe n’ibivuko. Pakistani yagiriza Ubuhindi gushigikira no gufashisha amafaranga abarwanyi b’aba Baluch kugira baburizemwo iyo migambi. Ariko Ubuhindi burabihakana.