Uko wahagera

USA Yahagaritse Indege za Pakistani Kubera Magendu y'Abadereva


Reta zunze Ubumwe z’Amerika zahagaritse ingendo z’ indege zose zegukira Pakistani, Pakistan International Airlines (PIA), ku butaka bwayo.

Amerika isigura ko yafashe iyo ngingo inyuma y’amatohoza yerekanye ko ica gatatu c’abadereva b’izo ndege bafise ivya ngobwa vyo gutwara indege vya magendu. Ingingo y’Amerika ije ikurikira iy’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya, wabaye urahagarika izo ndege mu kiringo c’amezi atandatu.

Pakistani ntihakana ko abadereva bayo badakwije ibisabwa vyo gutwara indege: Mu kwezi guheze, umushikiranganji ajejwe ivy’uruza n'uruja muri ico gihugu ubwiwe yivugiye ko amatohoza yakozwe na Reta yerekanye ko ku ba Dereva b’indege 860 ico gihugu gifise, 260 bafise ivya ngombwa vya magendu, abafise ivy’ukuri nabo bakaba babironse barinze kwiba ibibazo bibarekurira kwitwa abadereva.

Insanganya ya nyuma y’ikompanyi y’indege PIA yo mu kwezi kwa gatanu k’uno mwaka yahitanye ingenzi zababa ijana. Amatohoza yerekanye ko iyo nsanganya yatewe n’ubuhinga buke buvanze n’ugusamara kw’abadereva bari bayiyoboye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG