CVR mu Bikorwa vyo Gusigurira Abanyeshure ko Ubwicanyi bwo mu 72 ari "Jenoside Yakorewe Abahutu"

Pierre Claver Ndayicariye atwara CVR

Umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi watanguye igikorwa co gusigurira amakaminuza ibiri mu cegeranyo giheruka gushirwa ahabona n’uwo mugwi. Ico cegeranyo ni icemeza ko ubwicanyi bwo mu mwaka w’1972 ari ihonyabwoko ryakorewe ubwoko bw’Abahutu mu Burundi.

Uwo mugwi usigura ko intumbero ari uko abanyeshure bari mu za kaminuza zitandukanye bomenya neza ivyabaye mu gihugu. N’aho biri uko, ico cegeranyo ntikibonwa kumwe kuko hari umuce w'abarundi babona ko gicanishamwo kikabasubiza mu ndyane z’amoko aho kubanywanisha.

Pierre Claver Ndayicariye atwara CVR , ari muri kaminuza nkuru y’igihugu yasiguye ko abanyeshure bari mu za kaminuza ari bo ncabwenge bazovamwo abategetsi b’igihugu gutyo ko babwirizwa kumenya ukuri kw’ivyabaye kuva Uburundi bwikukira mu myaka 50 iheze.

Ndayicariye avuga ko ako kahise kunyuwe n’ico umugwi arongoye wabonye ko ari ihonyabwoko ryakorewe ubwoko bw’Abahutu mu mwaka w’1972. Icegeranyo giheruka kwemezwa n’inama nshingamateka.

Abona ko ata mahoro ashobora kuboneka mu gihe hakiri ibinogo vyatawemwo abantu bishwe urw’agashinyaguro. Ahamagarira abafise ico bakoze muri ayo mahano gusaba ikigongwe. N’aho biri uko, hari umuce w’Abarundi nk’abaharanira inyungu z’inkehwa zo mu bwoko bw’Abatutsi, batemera ico cegeranyo.

Ni nk’ishirahamwe AC Cirimoso ribona ko ibiriko birakorwa n’umugwi CVR bitanywanisha ariko bicanishamwo Abarundi. N’umunyepolitike Frederic Bamvuginyumvira, yabaye icegera c’umukuru w’igihugu, agaturuka no muri ubwo bwoko, umugwi CVR wemeza ko bwakorewe ihonyabwoko yunga muri iryo rya AC Cirimoso.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru ya Pierre Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Your browser doesn’t support HTML5

Icegeranyo ca CVR Ntikivugwako Rumwe n'Impande Zose