Kenya na Somaliya mu Nzira yo Kunagura Imigenderanire

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Kenya, Raychelle Omamo, aganira n’umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Mohamed Hussein Roble. Kuwa 8-8-2021

Reta za Somaliya na Kenya zarumvikanye kugarukana imigenderanire ya kidiporomasiya yatosekaye, inyuma y’umubonano wahuje abategetsi b’ivyo bihugu bibiri kuri uyu w’Imana.

Intumwa za Kenya zirongowe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Raychelle Omamo, zaragiranye ibiganiro n’umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Mohamed Hussein Roble.

Amakuru ava mu biro vy’umushikiranganji wa mbere muri Somaliya, avuga ko ivyo bihugu bibanyi, bimaze amezi atari make birabana ribi mu migenderanire, vyemeranije kunagura imigenderanire cane cane muri diporomasiya, ubudandaji n’umutekano.

Ayo makuru avuga kandi ko Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta yaciye atumira umushikiranganji wa mbere wa Somaliya kuzogendera Kenya.

Somaliya yatanguye guhagarika imigenderanire na Kenya mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze, mu kwagiriza Kenya ko yivanga muvya Somaliya, ariko Kenya yarahakanye ivuga ko ata ruhara ibifisemwo. (VOA)