Abasirikare 2 bo mu Murwi MINUSMA Barishwe muri Mali

Inteko za ONU muri Mali aho bari ku cibutso ca bagenzi babo bishwe. Bamako, Mali, kw'itariki 27/09/2017.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashikirije kuri uyu w’Imana ko abantu bitwaje inkoho bishe abasirikare baryo mu buraruko bushira uburengero bwa Mali ku munsi wa gatandatu.

Umurwi wa ONU wo mu nteko za MINUSMA watangaje ko abo basirikare babo bari mu rugendo hagati y’ibisagara vya Tessalit na Gao igihe baterwa.

Itangazo ryasohowe n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, rivuga ko abo basirikare bapfuye bamuka muri Misiri. Gushika ubu ababishe ntibaramenyekana.

Guterres, yashikirije ko ico gitero gishobora gushirwa mu vyaha vyo mu ntambara.