Uko wahagera

ONU Isaba Imiryango Yacanyemwo muri Mali Gusubiza Hamwe


Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita agenzura ivyononekaye inyuma y'igitero c'abitwaje ibirwanisho i Ogossagou, muri Mali, itariki 25/03/2019.
Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita agenzura ivyononekaye inyuma y'igitero c'abitwaje ibirwanisho i Ogossagou, muri Mali, itariki 25/03/2019.

Ubwicanyi ku bantu 160 mu mihana yo hagati mu gihugu ca Mali bwatumye impande zibiri zacanyemwo zitangura kwiyunga no kwiga kubana, ivyo vyashikirijwe n’intumwa ya ONU kuwa gatatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko riratohoza ubwo bwicanyi bwabaye kw’itariki 23 z’ukwezi kwa gatatu mu mihana y'i Ogossagou bwakorewe aborozi bo mu bwoko bw’aba Fulani, babwegeka ku bahigi b’aba Dogon.

Iyo miryango bari ababanyi. Bamye babana hamwe, nkuko vyavuzwe na Mahamat Saleh Annadif, arongoye umurwi wa ONU wa MINUSMA ujejwe kubungabunga amahoro muri Mali.

Asaba ibiganiro hamwe no guhuza kugira habe ugusubiza hamwe inyuma y’ubwo bwicanyi bwahitanye abagore n’abana ku bwinshi, bishwe batemaguwe n’imipanga.

Imiryango y’aba Fulani yamye yagirizwa kuba bashigikiye abayisilamu b’intagondwa kuv’aho umurongozi wabo Amadou Koufa atanguriye kwinjiza abarwanyi mu bwoko bw’aba Fulani mu myaka ine iheze.

Aba Dogon hamwe n’aba Bambara baciye bashinga imirwi yo kwirwanira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG