Uko wahagera

Abasirikare 3 ba ONU muri Mali Bishwe n'Umutego wo mw'Ibarabara


Abasirikare bo mu Nteko za ONU muri Mali, MINUSMA

Abasirikare batatu bo mu nteko za ONU muri Mali, MINUSMA bishwe abandi batatu barakomereka mu gatondo ka kare kuri uyu w’Imana igihe imodokari barimwo yaca ku gisasu catezwe mw’ibarabara.

Umuvugizi w’uwo mugwi wa ONU, Olivier Salgado yashikirije ko abo basirikare bamuka muri Chadi bari mu bikorwa vyo gukizura mw’ibarabara ryo mw’ikomine ya Aguelhok, mu buraruko bw’igihugu.

Mali iri mu rugamba n’intagondwa z’abayisilamu kuva mu mwaka wa 2012, intambara zimaze guhitana ubuzima bw’abasirikare hamwe n’abasivile baharurwa mu bihumbi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG