Amerika Yiyemeje Gufasha Ubushinwa Kurwanya Umugera Corona

Ingenzi zishitse ku kibuga c'indege LAX bavuye Shanghai, mu Bushinwa, kw'itariki 26/01/2020.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yemereye Ubushinwa imfashanyo iyo ariyo yose ikenewe yo kurwanya umugera wa Corona umaze guhitana abantu 81 mu gisagara ca Wuhan aho uwo mugera waturutse.

Ni mu gihe umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa Li Keqiang yagendeye ico gisagara kuri uyu wa mbere kubonana n’abajejwe amagara y’abantu no kurondera inyishu kuri uwo mugera.

Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, Dr. Tedros Ghebreyesus, nawe yashitse i Beijing kuri uyu wa mbere aho agiye kubonana n’abategetsi b’Ubushinwa kuganira kuri ico kiza.

Ibiharuro vya nyuma bimaze gushikirizwa n’abajejwe amagara y’abantu mu Bushinwa bivuga ko abantu barenga 2700 bamaze kwandura uwo mugera Corona.