Uko wahagera

Umugera wa Corona Woburabuje Abashinwa Miliyoni 33


Utwigoro tw’igihugu c’Ubushinwa tw’uguhagarika ikwiragira ry’umugera wa Corona mu kubuza abantu kuva mu bice barimwo turiko dutuma abanyagihugu batamenya ingingo bofata.

Abantu bagera ku miliyoni 33 baba mu bisagara cumi vy’Ubushinwa barageramiwe n’iyo ngingo Reta yafashe.

Abategetsi mu gisagara ca Wuhan kiri mu ntara ya Hubei, barabujije indege n’amatereni kugira uruja n’uruza. Barugaye amabarabara kugira abantu ntibinjire canke ngo basohoke igisagara ca Wuhan. Abantu amajana n’amajana baranduye umugera wa Corona muri ico gisagara.

Yamara kubera hari abamenyeshamakuru bigenga bakorera mu gisagara ca Wuhan bari ku rushi, mu gihe Reta y’ubushinwa igenzura bikomeye amakuru atangwa, abashinwa batari bake bazera ku makuru avuye mu gisagara ca Wuhan cakumiwe.

Ingingo y’ukubuza abantu kwinjira n’ugusohoka igisagara ca Wuhan ije mu gihe Ubushinwa buriko bwitegurira ibirori vy’umwaka mushasha aho abantu imiliyoni amajana n’amajana baja guhura n’imiryango yabo.

Mu gihe ibisagara bitari bike vyafashe ingingo y’ukutagirisha ibirori vy’uguhimbaza umwaka mushasha, ingaruka ku gisata c’ingenzi mu gihugu zizokwibonekeza buno nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG