Uko wahagera

Zuma Yahoze Ari Prezida wa Afurika y'Epfo Yaciriwe Gufungwa Amezi 15


Uwahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma
Uwahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma

Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afrika y'epfo yaciriwe gupfungwa amezi 15 kubera yanse kwitaba urwego rujejwe gutohoza ivyaha vya ruswa yagirizwa.

Nkuko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, sentare nkuru yo muri ico gihugu niyo yamuciriye uwo munyororo inyuma yuko yanse kwitaba urwo rwego ruyobowe n’icegera c’umucamanza mukuru, Rayamond Zondo mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.

Abashingwamanza bajejwe itohoza basavye sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro gusaba ingingo y’ukumuhana. Zuma, afise imyaka 79 muri iki gihe, yakuwe ku butegetsi mu ngingo yafashwe n’abari bacuditse n’uwamusubiriye, Prezida Cyril Ramaphosa mu mwaka w’i 2018.

Kuva ico gihe yahanganye n’ivyagirizo vya ruswa ikomeye igihe yari prezida hamwe n’imbere yaho. Umuvugizi wa Zuma yatangaje ko abamwunganira bazokwihweza ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro imbere yuko basohora itangazo.

Mu vyaha Zuma yagirizwa harimwo kuba yarekuriye abarwizatunga bavukana bari bacuditse nawe, Atul, Ajay na Rajesh Gupta gusahura amatungo ya reta n’ukugira uruhara mu migambi ya reta.

Abo bagwizatunga bahakana ko hari amakosa bakoze bavuye muri Afrika y’epfo inyuma yuko Zuma akuwe ku butegetsi. Umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, ANC ntiyabonetse buno nyene kugira hagire ico avuga ku ngingo ya sentare uno musi ku wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG