Uko wahagera

Jacob Zuma Yongeye Kwanka Kwitaba Umurwi Uriko Uramutohozako


Jacob Zuma yahoze ari perezida wa Afurika y'Epfo kuri uno wa mbere ntiyitavye umurwi w'igihugu ujejwe gukora amatohoza kuri dosiye y'ibiturire yagirizwa, nkuko yari yabitegetswe n'ubutungane.

Mu kwezi kwa mbere, ni ho sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro muri Afurika y’Epfo yafata ingingo y’uko ategerezwa kwama yitavye uwo murwi ku ndwi ku ndwi kugira yisigure ku vyaha vy’ibiturire yagirizwa ko yariye mu kiringo c’imyaka icenda yamaze ku butegetsi.

Abamuburanira batangaje ko atitavye ku yindi ncuro uwo murwi basigura ko kuwitaba vyari kuba bisa nk’ukwivuguruza ku vyagiriji vy’uko atemera bamwe mu bacamanza bawugize, barimwo Raymond Zondo, awuramustwa. Jacob Zuma yakomeje gusaba ko uwo mucamanza avanwa mu mabanga yiwe, amwagiriza guhengama.

Zuma w’imyaka 78, amaze kurenguka imbere y’uwo murwi incuro zibiri gusa: Ubwa mbere hari mu kwezi kw’indwi mu 2019, aho yasohotse adahejeje kwishura ku vyo yabazwa asigura ko abawugize bamufashe nk'aho yamaze kwagirwa n’ivyaha. Ubwa kabiri yawitavye hari mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2020: Ico gihe yaranse gutanga ibishingantahe yasabwa gutanga, awusohokamwo ata jambo na rimwe avuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG