Uko wahagera

Winnie Mandela Yashinguwe


Imihango yo Guherekeza Winnie Mandela
Imihango yo Guherekeza Winnie Mandela

Winnie Madikizela Mandela, yahoze ari umutambukanyi wa Nelson Mandela, yashinguranywe iteka kuri uwu wa gatandatu, i Soweto, igisagara yavukiyemwo.

Nyakwigendera Winnie Mandela, yaherekejwe n'abantu isinzi aho bagenda bararirimba inyuma y'isandugu yari ifutswe idarapo rya Afrika y'epfo bagira bati:" Ntawoturutira Winnie Mandela."

Madame Winnie, yashengeye kw'igenekerezo rya kabiri kuno kwezi afise imyaka 81, inyuma y'igihe kirekire arwariye mu bitaro vy’i Johanesburg.

Abafashe amajambo mu mihango yo ku mushingura, bagarutse ku butwari bwamuranze, bibutsa uruhara yagize mu kurwanya intwaro ya karyanishamiryango, Apartheid.

Winnie yubakanye na Nelson Mandela yahoze ari perezida wa Afrika y'epfo mu 1956, bahava bahukana mu 1996.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG