Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Winnie Mandela Yitavye Imana

Winnie Madikizela Mandela, yahoze ari umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Nelson Mandela, mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe (ANC) i Johannesburg, Afrika y'Epfo, itariki 16/12/2017
Winnie Madikizela Mandela, yahoze ari umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Nelson Mandela, mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe (ANC) i Johannesburg, Afrika y'Epfo, itariki 16/12/2017

Winnie Mandela umutambukanyi w’uwahoze ari perezida wa Afrika y’epfo Nyakwigendera Nelson Mandela yitavye umuremyi kuri uyu wa mbere.

Madame Winnie yari afise imyaka 81 akaba yitavye umuremyi aho yari arwariye mu bitaro vy’i Johanesburg muri Afrika y’epfo. Iyo nkuru yatangajwe n’umuvugizi wiwe.

Victor Dlamini, yashikirije itanganzo ati “ni n’umubabaro mwinshi tubamenyesheje y'uko madame Winnie Madikizela Mandela yitavye umuremyi mu bitaro vya Milkpark i Johanesburg kuri uno musi wa mbere itariki 2 z’ukwezi kwa kane."

​Winnie yubakanye Mandela mu mwaka 1956 bahava barahukana mu mwaka w’i 1996. Hari inyuma y’imyaka ibiri Nelson Mandela abaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure muri Afrika y’epfo.

Umuvugizi wiwe avuga ko yitavye umuremyi ku mutaga wo kuri uno musi wa mbere akikujwe n’umuryango wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG