Uko wahagera

SAF: Abanyapolitike Bahayagije Winnie Mandela


Abantu bateraniye hanze y'inzu ya Winnie Mandela muri Soweto
Abantu bateraniye hanze y'inzu ya Winnie Mandela muri Soweto

Abanyafrika y’epfo bibutse, uno musi ku wa kabiri, Winnie Mandela yitavye Imana ku musi wa mbere afise imyaka 81. Abanyepolitike bamuhayagije mu kuvuga ko yarwanije bikomeye intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid.

Winnie Mandela yigeze kuba umutambukanyi wa Nelson Mandela yitavye umuremyi ku musi wa mbere mu bitaro vyo mu gisagara ca Johannesburg.

Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yatangaje ko Winnie Mandela yari akarorero ku banyafrika y’epfo mu rugamba rw’ukurondera ubwigenge. Imisa y’ukumusabira izoba kw’italiki 11 mu gihe kumushingura icese bizoba kuri 14 z’uku kwezi.

Winnie Mandela yari umwe mu bantu barwanije bikomeye batiziganya kandi ata bwoba bafise intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid muri Afrika y’epfo. Ari mu bantu bakomeye bagize uruhara mu gusenyura iyo ntwaro.

Musenyeri Desmond Tutu yatsindiye agashiwe ka Nobel, yafashe akaruhuko ko mu zabukuru, yatangaje ko Winnie Mandela ari akarorero ku bandi mu rugamba rw’ukurwanya agacinyizo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG