Uko wahagera

Vaticano Irabeshuza ko Papa "Ashigikiye Ugushingiranwa kw'Abahuje Ibitsina"


Vaticano yahakanye ku mugaragaro amakuru aheruka gutangazwa n’ibinyamakuru bitandukanye, avuga ko umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Faransisiko ashigikiye ko abakundana basangiye ibitsina, bemerewa gushingirana.

Umunyamabanga mukuru wa Vaticano mu butumwa yarungikiye intumwa za Papa mu bihugu bitandukanye, yasiguye ko agace gato ka videwo yahanahanywe kavanywe mw’ireresi “ Francesco”, yakozwe kera gahimbuwemwo ibice vyakaswe nabi, gutyo biza guhindura ivyo Papa yavuga.

Vaticano ariko muri iryo kete ryarungikiwe intumwa za Papa Fransisko, yashimangiye ko uwo mwungere wa Ekleziya ashigikiye ko abakundana bahuje ibitsina babwirizwa gukingirwa mu vy’amategeko na cane cane gufatwa nk'abandi bana mu miryango, ntibakumirwe.

Ako kamo ko gukingira abakundana bahuje ibitsina Papa aremera ko yagateye muri iyo reresi, ariko agasigura ko habaye ukwitiranya ibintu kuko uko gukingira uwo muce w’abantu yavuga bitaraba ivyo kubaka.

Ku rundi ruhande, hari televiziyo yitwa Televisa ikorera mu gihugu ca Mexique yemeza ko mu kiganiro Papa yayihaye mu kwa gatanu k'umwaka uheze yoba yaravuze koko ko ashigikiye ko abakundana bahuje ibitsina boshingiranwa. Yamara, iyo televiziyo isigura ko ico kiganiro kitigeze gisohoka bivuye ko cafatishijwe na camera zegukira Vaticano, hama amasanamu ya nyuma yarungikiwe iyo televiziyo akaba yarungitswe ikibazo n'inyishu kuri ivyo vyo gushigikira ko abasangiye ibitsina bemererwa kubaka ukuri kwamye nk'abandi cavanywemwo. Ntaco Vaticano iravuga kuri ibi vyagiriji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG