Uko wahagera

Papa: Abakundana Bahuje Igitsina Bakwiye Kwemererwa Gushingirana


Papa Fransisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika yasavye ko abakundana bahuje ibitsina bokwemererwa gushingirana vyisunze amategeko. Aya makuru yashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ryegukira Ekleziya Katolika, CNA. Yavuze ko abo bantu bafise uburenganzira bwo kuba mu muryango nk’abandi kuko nabo ari abana b’Imana.

Papa Fransisiko yavuze ko hakwiye gushirwaho itegeko riha abakundana bahuza ibitsina kwubakana, bagashinga urugo nk’abandi, ati ico gihe bazoba bakingiwe.

Igihe Papa yari Arkibishope i Buenos Aires, ku murwa mukuru wa Argentine, mu 2010 yari ateye kubiri n’ugushingirana kw’abahuje igitsina, nkuko vyashikirijwe n’ikinyamakuru, CNA.

Inyuma y’aho abereye Papa mu 2013, Francisiko yaciye ahindura aho ahagaze, aja mu nzira yo gushigikira abo bahuje ibitsina. Yagize ati: “Jewe ndi umuntu ki wo gucira abandi imanza?” yaciye atangura kuza arakira abubakanye bahuje ibitsina i Vatikano akatari gake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG