Uko wahagera

Uwagirizwa Kuba Yarahatswe Guhirika Ubutegetsi muri Etiyopiya Yishwe


Jenerali Asaminew Tsige
Jenerali Asaminew Tsige

Uwukekwa kuba yari inyuma y’umugambi wo gushaka guhirika ubutegetsi bw’akarere ka Amhara muri Etiyopiya ku munsi wa gatandatu yishwe arashwe na polisi y’ico gihugu.

Igisata c’Ijwi ry’Amerika muri Etiyopiya gitangaza ko jenerali Asaminew Tsige yegekwako ibitero bibiri vyakurikiye uko gushaka guhirika ubutegetsi yiciwe muri karitiye yitwa Zenzelma, mu buraruko bushira ubuseruko bw'akarere ka Amhra mu gisagara ca Bhair Dar ariko agerageza guhunga inzego z’umutekano zahavuye zimurasa.

Abategetsi muri Etiyopiya ku ruhande rwabo bamaze kwemeza ko n’umushingwamanza mukuru wa Etiyopiya Jenerali Migbaru Kebede yari yakomerekeye muri kimwe mu bitero vy'abashaka guhikira ubutegetsi nawe yashengeye.

Abandi baguye muri ivyo bitero vyagabwe mu bibanza bibiri birimwo umuhana w'uwari arongoye ibiro bikuru vya gisikare Jenerali Seare Mekonnen n'ahandi hariko habera inama yo kuburizamwo uko gushaka guhirika ubutegetsi ni bane barimwo uwo yatwara ibiro bikuru vya gisirikare n'uyundi mukukuruke yari yamugendeye, umukuru w'akarere ka Ahmara n'umuhanuzi wiwe.

Abasesanguzi bavuga ko jenerali Asaminew Tsige yoba yari yashatse guhirika ubutegetsi bw’akarere ka Amhara bivuye ku bwoba bwo kuvanwa mu kazi azira ivyagiriji vy'uko yoba yari mu nzira yo gushinga umurwi urwanya ubutegetsi buhari.

Jenerali Asaminew Tsige ari mu bari barafunguwe mu mwaka uheze bagirizwa kuba barahatswe guhirika ubutegetsi mu 2009.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG