Uko wahagera

Umukuru w'Igisirikare muri Etiyopiya Yishwe Arashwe n'Uwumucungera


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya ariko ashikiriza ijambo ryiwe inyuma y'igandagurwa rya Jenerali Seare Mekonnen
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya ariko ashikiriza ijambo ryiwe inyuma y'igandagurwa rya Jenerali Seare Mekonnen

Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Etiyopiya Jenerali Seare Mekonnen yaraye yishwe arashwe n’uwujejwe kumucungerera umutekano.

Abategetsi muri Etiyopiya bemeje ayo makuru bavuze ko nyakwigendera yagandaguriwe ku muhana iwe i Addis Abeba ari kumwe na mugenzi we w’umukukuruke inyuma y’amasaha make habaye ico bise ugushaka guhirika ubutegetsi mu karere kitwa Amhara.

Ako karere kari mu burere icenda bukomeye mu gihugu ca Etiyopiya kandi bukomeje kuvugwamwo uruhagarara. Ibimenyeshamakuru muri ico gihugu bivuga ko uwacungera nyakwigendera Jenerali Seare Mekonne yatawe muri yompi mu gihe abajenerali bari inyuma y’uko gushaka guhirika ubutegetsi bakironderwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo y’igihugu yambaye impuzu za gisirikare yahumurije abanya-Etiyopiya. Ubuserukizi bwa Amerika muri Etiyopiya bwateye ivyatsi ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG