Uko wahagera

Urubanza rwa Perezida Omar al-Bashir Rwegejwe Inyuma


Sudani yigije inyuma urubanza rwa Omar al-Bashir n'abo bakorana rwerekeye coup d'etat yo mu mwaka w'i 1989. Sentare yo muri ico gihugu yaza yaciriye Bashir umunyororo w’imyaka ibiri mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’umwaka uheze ku vyaha vya ruswa. Ahanganye kandi n’imanza hamwe n’amatohoza ku bwicanyi bwakozwe n’abari mu myiyerekano yiyamiriza intwaro yiwe.

Televiziyo ya reta yerekanye umucamanza yugurura urubanza rwa Omar al-Bashir ata masanamu yiwe ya videwo yerekanywe. Apfunzwe kuva akuwe ku butegetsi mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze inyuma y’imyiyerekano yiyamiriza imyaka 30 yari amaze ku butegetsi.

Mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze, umushingwamanza wiwe yavuze ko urubanza rwiwe ari urwa politike rubaye inyuma y’ikiringo kirenga imyaka 30 ivyo yagirizwa bibaye.

Imbere y’uko hagira ibitangazwa canke ivyemezo vyari gushobora gutangwa, urwo rubanza rwigijweyo gushika kw’itariki 11 z’ukwezi kw’umunani kugira birekurire abashingwamanza n’imiryango y’abagirizwa kuba ari ho bari.

Bamwe mu bashingwamanza bidogoye kuba abo baburanira batari bashoboye kuba bari muri sentare igihe urubanza rwabo rwugururwa uno musi ku wa kabiri.

Mu bandi bagirizwa harimwo, abahoze bakorana na Omar al-Bashir nk’uwari icegera c’umukuru w’igihugu, Ali Osman Taha n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe wari ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG