Uko wahagera

Sudani Ivuga ko Ata Mwenegihugu Wayo Izoshikiriza CPI


Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir.
Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir.

Umushikirizamanza muri Sudani yashikirije kuri uyu wa mbere ko abanyesudani baronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vyo mu ntambara bagirizwa bashobora kutazorungikwa i La Haye.

Omar Al Bashir, yakuwe ku butegetsi mu kwezi kwa kane umwaka uheze, aronderwa na CPI ku ruhara yagirizwa kuba yaragize mu ntambara yabaye mu ntara ya Darfur.

Umushikirizamanza, Tagelsir al-Hebr, ntiyavuze izina rya Bashir ariko avuga ko ubwigenge bw’igihugu ari kimwe gituma abanyagihugu badashobora kurungikwa muri CPI. Ariko yashikirije ko Sudani ishobora kuzokorana n’iyo sentare muri kazoza mu gihe vyokenerwa.

Ibi abishikirije mu gihe Ali Kushayb, yahoze ari umukuru w’umuhari w’abarwanyi muri ico gihugu yishikanye mu ntango z’uku kwezi, inyuma y’imyaka 13 yarasohorewe umutahe n’iyo sentare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG