Uko wahagera

Ni Iki Catumye Abashikiranganji 6 Batanga Imihoho muri Sudani?


Abdallah Hamdok, umushikiranganji wa mbere wa Sudani
Abdallah Hamdok, umushikiranganji wa mbere wa Sudani

Reta ya Sudani yatangaje kuri uyu wa kane ko abashikiranganji bayo batandatu batanze imihoho uwundi umwe arakurwa. Ni inyuma y’iminsi, ibihumbi vy’abanyagihugu bihereje amabarabara basaba impinduka mu gihugu bamaze igihe kirekire barindiriye.

Reta yashikirije ko abayiyonkoyemwo ari abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu, uw’ubutunzi, uw’amasoko ntanganguvu, uw’Uburimyi, uwo gutwara abantu hamwe n’uwukurikirana ibikoko.

Umushikiranganji wa mbere, Abdallah Hamdok yavuze ko bikenewe ko reta yirimbura kugira irabe ko yakoze ivyasabwe n’abanyagihugu.

Kw’itariki ya 30 y’ukwezi kwa gatandatu, ibihumbi vy’abanyagihugu barashwaye amabarabara yo ku murwa mukuru Khartoum no mu bindi bisagara, basaba ko haba impinduka mu bijanye n’ubutunzi. Basavye kandi ko haba ubutungane ku bantu bishwe mu myiyerekano yabaye mu mwaka uheze yasaba Omar al-Bashir kuva ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG