Pele, umukinyi rurangiranwa mu mupira w’amaguru kw’isi akomoka mu gihugu ca Brezil, afise akababaro gakomeye bivuye ku magara yiwe atameze neza kandi agonanwa kuva imuhira iwe kubera adashobora gutambuka ataronse umuntu amufasha.
Umuhungu wa Pele Edinho avuga ko amagara yiwe atameze neza, ko asa n’umuntu yiyugaraniye imuhira iwe.
Pele abonwa n’abantu benshi ko ari umwe mu bakinyi bakomeye cane kurusha abandi mu mateka y’urukino rw’umupira w’amaguru. Azoshikana imyaka 80 mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka. Amaze imyaka itari mike afise ikibazo co mu mafyigo. Akenera icuma kimufasha gutambuka. Incuro nyinshi aherutse guseruka ahabona aba ariko agendera mu ntebe y’ibimuga.
Pele umukinyi w’umupira w’amaguru wenyene yatsindiye ibikombe vy’isi yose vy’umupira w’amaguru bitatu gushika ubu. Yamaze igihe kinini c’ubuzima bwiwe nk’umukinyi akina mu murwi, Santos muri Brezil, imbere yuko aja gukina mu murwi w’umupira w’amaguru, Cosmos mu gisagara ca New York muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu myaka y’i 1970.
Facebook Forum